Impunzi z’Abanyekongo zirenga ibihumbi 17 ziri mu nkambi ya Kiziba zivuga ko leta y’u Rwanda izibwiriza kuja muri gahunda y’igihugu kandi atari Abanyarwanda.
Mu rwandiko ubuyobozi bw’izo mpunzi buherutse kugeza kuri leta y’u Rwanda na HCR, buravuga ko bufite ikibazo c’ibiribwa vyagabanutse cane na gahunda za leta y’u Rwanda zibangamira inyungu zazo.
Izo mpunzi zirasaba ko zosubizwa muri Kongo cangwa zigashakirwa ikindi gihugu cozakira.
Mu kiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango mu mpera zindwi ishize, umuyobozi w’izo mpunzi, Louis Mbangutse Maombi, yavuze ko leta y’u Rwanda yotsa igitutu abayobozi b’izo mpunzi.
Ivyo ngo nukugirango bakurikize gahunda za leta kandi atari Abanyarwanda.