Igisasu ntezwantoki gerenade caratewe mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018, ku kirindiro c’igiporisi kiri muri quartier Kinanira,zone Musaga, ahazwi nko kuri OTRACO.
Amakuru ava aho ku Musaga amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro n’abantu bataramenyekana, ariko ikaba ataco yononye.
Ayo makuru nyene amenyesha ko inyuma yahoo gato, iyo gerenade ihejeje guterwa, abantu batari bake bahavuye bahagarikwa n’abajejwe umutekano, ku mvo z’amatohoza.
Inyuma y’amasaha makeya bibaye, amakuru ava aho ku Musaga amenyesha ko hoba hazindukiye ibikorwa vyo gusaka, muri zone ya Musaga.