Abarovyi batanu nibo baraye bitavye Imana, ubwato nabwo burameneka mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018, mu kiyaga Tanganyika, mu turere twa Kizuka, Kagongo na Minago, mu ntara ya Rumonge.
Amakuru ava mu Minago, hamwe mu habereye iryo sanganya, amenyesha ko abo bantuma bitavye Imana kubera umuyaga mwinshi wibonekeje mu kiyaga Tanganyika, igihe abarovyi bari bagiye kurangura igikorwa cabo.
Ayandi makuru ava muri ivyo bice vy’intara ya Rumonge, amenyesha ko ico gitigiri c’abahitanywe n’uwo muyaga mu kiyaga Tanganyika gishobora kuba kirenga, barindiriye ko amatohoza ahera.
Gabriel BUTOYI arongoye Ishirahamwe ry’abarovyi n’abadandaza b’amafi mu Burundi,avuga ko ivyo bitigiri vy’abaguye muri iryo sanganya ari ivy’imfatakibanza.
Gabriel BUTOYI ahamagarira abakora umwuga wo kuroba kwama bikingira, mu gihe cose bariko bakora akazi kabo.