Zambiya : Umuntu umwe yarakomeretse mw’isanganya ry’imodoka zari ziherekeje Joseph Kabila

Umuntu umwe yakomeretse bikomeye mu mw’isanganya ryabereye ku murwa mukuru wa Zambiya,Lusaka, igihe imodoka zari ziherekeje umukuru w’igihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Joseph Kabila zagonganaga n’iyindi vyari vyanse ko itanga inzira.

Iryo sanganya ryabaye kur’uyu w’Imana mu gatondo mu gisagara ca Lusaka,aho uwariko atwara imodoka yagonganye n’imwe mu modoka zari ziherekeje umukuru w’igihugu Joseph Kabila yari mu rugendo muri Zambia, akaba ari nawe yakomeretse cane.

Ikinyamakuru Lusaka Times kivuga ko uretse uwo yariko atwara iyo modoka, hari n’uwundi muporisi acunga umutekano wo mw’ibarabara ryakomeretse, atari cane.

Ayo makuru nyene amenyesha ko umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo Joseph Kabila, wewe ataco yabaye.

Umuvugizi w’igiporisi ca Zambiya, Esther Katongo, yaremeje ayo makuru y’iyo mpanuka, akamenyesha ko batanguye gukora amatohoza kugira bamenye icatumye iryo sanganya.