Cibitoke : Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe ku nkengera z’ikibira

Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2018,ku mutumba Mirudi wa komine Bukinanyana, intara ya Cibitoke, ku nkengera z’ikibira.

Amakuru ava aho i Bukinanyana, amenyesha ko ico kiziga catowe cari kiboshe, abaho muri ako gace bakamenyesha ko yoba yiciwe ahandi hanyuma ikiziga kiza gutabwa aho catowe.

Abajejwe umutekano mu ntara ya Cibitoke bavuga ko bamaze kurungika inyamiramabi kugira zitangure amatohoza.

Ku ruhande rw’abajejwe intwaro, bavuga ko icihutirwa ari guca bashingurana iteka ico kiziga.