Mugina : Ibiro vya posita vyibwe imiriyoni 23 z’amarundi

Amafaranga imiriyoni 23 z’amarundi, niyo yibwe ku biro vya posita I Mugina, mu ntara ya Cibitoke, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko umukozi wo muri yio posita asigura ko, kugira ayo mafaranga yibwe haje umuntu kuvunjisha inoti ya 10000 vy’amarundi,amahera aca arayabura.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko ubu uwo mukozi wa posita ari mu minwe y’ubutungane.