Umurwi wigenga utegura amatora CENI, umenyesha ko mu biharuro watangaje kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018,vy’abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro n’ayo muri 2020, habaye ukwihenda mu guteranya ibiharuro.
Mw’itangazo ryo gukosora ryateweko umukono na Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2018, amenyesha ko abitavye mu gihugu hagati bashika kuri 4.987.871, mu gihe abitavye bose hamwe harimwo n’abari hanze y’igihugu ari 5.000.742.
Pierre Claver NDAYICARIYE amenyesha ko abarundi baba mu mahanga biyandikishije bose hamwe ari 7284, hakiyongerako abari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Centrafrika bashika 782, hamwe n’abari mu gihugu ca Somaliya 4805.
Umukuru w’umurwi CENI avuga ko mu barundi 5.000.742 biyandikishije ngo bazkwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro n’ayo muri 2020, abagabo ari 2.382.388 hamwe n’abakenyezi 2.618.354.
Kur’uyu wa mbere,umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora ,Pierre Claver NDAYICARIYE mu kiganiro ku bamenyeshamakuru yari yamenyesheje ko abiyandikishije mu gihugu hagati bose bangana 4.987.871, mu gihe abari bategekanijwe kwandikwa bangana 4.452.679 .