Inama ihuza abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yitezwe gutangura kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2017 i Kampala ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuganda. igihugu c’Uburundi kikaba kizoserukirwa n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO.
Bimwe mu bitegekanijwe kwigwa muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, ni ibijanye no kurabira hamwe aho ibikorwa vy’iterambere bigeze hamwe n’ikibazo c’ibiganiro bihuza Abarundi.
Ibindi vyitwezwe kwigwa, ni ibijanye no kurondera imfashanyo mu vyerekeye inyubakwa nk’amabarabara ahuza ibihugu vy’iryo shirahamwe, guteza imbere ibiyaga Tanganyika n’ica Victoria, hamwe n’igisata c’amagara y’abantu.
Gaston SINDIMWO,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu agiye mu gihugu c’Ubuganda
Iyo nama y’abakuru b’ibihugu b’umuryango wa Afirika y’Ubuseruko igira iya 19, uwo mwiherero ukaba ari uwa 4 mu bijanye no kwigira hamwe ivy’inyubako rusangi.