Imodoka yari itwaye inzoga zihingurirwa mw’ihinguriro BRARUDI yagize isanganya igeze muri zone Kabanga, komine Giheta, intara ya Gitega. Amakuru ava aho mu Giheta amenyesha ko ata muntu yahasize ubuzima.
Hari nk’igihe c’isaha icumi n’imwe irengako iminota mike, igihe imodoka ifise ibihekero bibiri inyuma , igihekero kimwe c’inyuma carimwo inzoga zo mu bwoko bwa primus cahenuka, igihe iyo modoka yari ishitse mu giheta haruguru gato y’ahitwa ku ‘’Kirato’’.
Abajejwe umutekano baciye bahashika kugira baking ko abanyagihugu bo muri ako gace hogira ico bonona.
