

Impunzi zamarundi zahungiye mu gihugu ca Kongo RD zirageramiwe n’inzara. Kumukurano wokwerekana umubabaro zirimwo ntaco ivamwo. Ubu rero abantu baguma bagwara ,na cane cane abana kubera inzara . Ziridoga yuko ishirahamwe mpuzamakungu PAM ataco ribivugako . Ubushize bagabanije imfungugwa bahora bafungura, ubunaho indya zukwezi kw’ambere bazibimye kandi bibaye mubihe bibi kubera ivyo barimye bitarera abandi bakiriko bararima. Basaba yuko botabarwa.