Rumonge : Umuryango w’umuyobozi ajejwe inyigisho zo gusoma no kwandika usaba ko uwabo arekurwa

Umuyobozi ajejwe inyigisho zo gusoma no kwandika mu bugenduzi bw’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi mu ntara ya Rumonge, yarahagaritswe ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2018,kw’itegeko ry’umushikirizamanza mu ntara ya Rumonge.

Amakuru ava aho mu ntara ya Rumonge amenyesha ko Desiré NDAYIRAGIJE yinjijwe agasho nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice z’umugoroba, inyuma yo kurindira kuva isaha zibiri z’igitondo ko yakirwa n’umushikirizamanza ariko ntiyakirwa, nk’uko vyari ku mutahe wamuhamagaza.

Amakuru dukesha abegereye Desiré NDAYIRAGIJE, amenyesha ko yagerageje gusaba ko yotaha kugira azokwitabe kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018 mu gatondo, ariko bikaba impfagusa.

Desiré NDAYIRAGIJE asanzwe yatowe kandi mu nama mpanuzwajambo ya komine Burambi, intara ya Rumonge, ku ruhande rw’Urunani rw’Abigenga Amizero y’abarundi, akaba yaraye ijoro ryiwe rya mbere mu gasho, ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge.

Abo mu muryango wiwe, basaba ko Desiré NDAYIRAGIJE arekurwa, kuko gushika ubu atana kimwe babona ariko arazira.

Mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi baremeza ayo makuru y’umukozi abakukira, ariko bakavuga ko, nabo bataramenya icatumye ahagarikwa.

Twagerageje kurondera umushikirizamanza mu ntara ya Rumonge, ariko ntitwashoboye kumuronka.