Umukuru wa sentare y’iyungururizo mu ntara ya Gitega,n’umucamanza muri iyo sentare nyene barahagaritswe bongera bajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba I Bujumbura, inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018.
Amakuru ava mu ntara ya Gitega aho bari basanzwe bakorera, amenyesha ko umukuru wa sentare y’iyungururizo Thomas NTIMPIRANGEZA n’umucamanza Prime HABIYAMBERE , bahagaritswe inyuma yo kwumvirizwa na parike mu ntara ya Gitega.
Amakuru ava muri bamwe mu bakorera mu gisata c’ubucamanza mu ntara ya Gitega, amenyesha ko abo bahagaritswe kubera urubanza boba barashashemwo rw’abagirizwa kugura no kugurisha isima mu yariko ikoreshwa mu kwubaka ikibuga c’intara ya Karusi.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko uwundi mukenyezi nawe yashashe muri urwo rubanza, atinjijwe ibohero, kuko afise umwana yonka, akaba yasabwe ko yoza ararenguka yidegemvya.
Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE aremeza ayo makuru, akamenyesha ko umurwi waduze mu ntara ya Gitega, utarashika mu gisagara ca Bujumbura kugira bamenye icatumye bahagarikwa.
Agnes BANGIRICENGE amenyesha ko aza gutanga umuco bamaze kuvugana n’abagize umurwi wagiye mu ntara ya Gitega.