Isirayeli: Abimukira cumi na batandatu bapfunzwe muri isirayeri bagirizwa kwanka gutaha muri Afrika

Abarongozi b’igihugu ca Israel bapfunze abimukira 16 bava mu gihugu ca Eritreya, inyuma y’aho banse kuva muri ico gihugu, ngo basubizwe ku mugabane wa Afrika.

Urwego rw’igihugu ca Israel rujejwe abinjira n’abasohoka ruherutse kubwira abimukira bashika 10 000 bava mu bihugu vya Sudani na Eritreya, kuhava mu gihe kitarenze amezi atatu, bakaja mu bindi bihugu canke batabikoze bagapfungwa.

Igihugu c’Urwanda n’ Ubuganda vyaravuzwe cane ko bishobora kwakira kunze abo bimukira, naho vyovyo vyabihakanye bikavuga ko ata masezerano vyigeze bigiranira na Israel yo kubakira.

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018,amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi muri Israel, yamenyesheje ko ari ubwa mbere abimukira bapfungwa bazira ko banse kwirukanwa.

Indwi muri abo bimukira, bahejeje kwimvirizwa ku co bavuga ku bijanye no kwimurirwa mu bindi bihugu.

Iradiyo y’abongereza BBC imenyesha ko abashika 600 bamaze kumenyeshwa ibijanye no kuvanwa muri Israel mu gihe abashika 35 000 ari bo bazokwirukanwa.

Muri uku kwezi kwa Ruhuhuma 2018, Reta ya Israel yavuze ko izotanga ubuhungiro ku banyaeritreya bavuye mu gisirikare gusa.