Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yakiriye umushikiranganji w’igihugu ca Angola ajejwe imigenderanire, akaba n’intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Angola. Muvyo bavuganye, harimwo ibijanye no gukomeza ugufashanya hagati y’igihugu ca Angola n’Uburundi.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye umushikiranganji w’imigenderanire ya Angola n’ibindi bihugu Manuel Augusto,mu gatondo ko kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018.
Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, amenyesha ko hejuru yo gukomeza imigenderanire, umushikiranganji wa Angola ajejwe imigenderanire yari aje gusaba ko Uburundi bwoshigikira igihugu ca Angola, aho kigiye kwitoza mu bumunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe rihuza ibihugu ibihugu vyo mu karere ka Afrika yo hagati, mu bijanye n’ubutunzi CEEAC.
Uno munsi ishirahamwe ry’akarere ka Afrika yo hagati mu bijanye n’ubutunzi rigizwe n’ibihugu 10, arivyo Angola, Uburundi, Cameroun, Centrafrique, Kongo, Gabon, Guinée Equatoriale, Republika Iharanirwa Intwaro Rusangi ya Kongo,Urwanda, Sao Tome & Principe na Tchad