Umusirikare akomeye wa Korea ya Ruguru agiye gutemberera iyepfo

Korea ya Ruguru igiye kurungika umusirikare akomeye, General Kim Yong-chol mu birori vyo kurangiza inkino za Olympique z’ibihe vy’imbeho nyinshi zibera mu gisagara ca Pyeongchang muri Korea Yepfo.

Jenerali Kim yahora ariwe ajejwe iperereza muri Korea ya Ruguru, bikavugwa ko yateguye ibitero vyinshi kuri Korea Yepfo.

Kubona Korea ya Ruguru yagiye mu nkino za Olympique, ngo bisa no kwiha akaruhuko uravye uruhagarara ruri hagati y’ivyo bihugu bibiri vya Korea.

Hari abafise amakenga ko Korea ya Ruguru yoba yagiye muri ivyo birori kugira ngo ihindura isura ifise mu makungu.

Umukobwa wa Prezida wa Amerika Donald Trump, Ivanka, niwe azoba ahagarariye umugwi userukira Amerika i Pyeongchang mu mpera z’indwi.

Naho biruko, abategetsi ba Korea Yepfo bavuga ko ata nama itegekanijwe hagati ya Korea ya Ruguru na Amerika muri ivyo birori.

Jenerali Kim niwe arongoye muri kino gihe igisata kijejwe imigenderanire ya Korea ukwo ari zibiri, akaba yigeze gutwara ikigo c’iperereza, « Reconnaissance General Bureau ».

Ico kigo carigeze kwagirizwa gutegura ibitero kuri Korea Yepfo, birimwo ukunyitsa ubwato bwa Korea Yepfo, bwarimwo abantu 46 mu 2010.

Umugwi arongoye uzoguma muri Korea Yepfo iminsi itatu, ukaba witeze kubonana na Prezida wa Korea Yepfo, Moon Jae-in.