Abapolisi n’abasirikare b’u Rwanda bashwiragije mukurasa impunzi z’Abanyekongo ku biro vy’ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, i Kibuye.

Hari abavuga ko hakoreshejwe ivyuka bikoroza amarira, ariko hari n’abandi bavuze ko hakoreshejwe amasasu nyayo.

Izo mpunzi zisaba HCR kuzivana ku butaka bw’u Rwanda kubera ibibazo birimwo ivy’imfashanyo idakwiye hamwe n’uko leta y’u Rwanda ngo izinjiza zitabishaka mu migambi yayo, ariko ivyo leta irabihakana.

Abapolisi n’abasirikare b’u Rwanda bashwiragije impunzi z’Abanyekongo zari zimaze iminsi ibiri ku biro vy’ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, mu muji wa Kibuye.

Hari abavuga ko hakoreshejwe ivyuka bikoroza amarira, ariko hari n’abandi bavuze ko hakoreshejwe amasasu nyayo.

Izo mpunzi zisaba HCR kuzivana ku butaka bw’u Rwanda kubera ibibazo birimwo ivy’imfashanyo idakwiye hamwe n’uko leta y’u Rwanda ngo izinjiza zitabishaka mu migambi yayo, ariko ivyo leta irabihakana.

Zavuye mu nkambi ya Kiziba ku munsi wa kabiri zerekeza ku biro vya HCR i Kibuye, zivuga ko zidashobora gusubirayo.

Zisaba kwimurirwa mu kindi gihugu canke zigasubizwa iwazo muri Kongo, ariko HCR na leta y’u Rwanda bivuga ko muri Kongo hataratekana, nayo kwimurirwa ahandi ngo hari izindi ntambwe bicamwo.

Uno munsi rero igisirikare c’u Rwanda hamwe n’abapolisi, bakoresheje inguvu mu gukura izo mpunzi ku biro vya HCR i Kibuye, bagerageza kuzisubiza mu nkambi ya Kiziba.