Australiya : Icegera c’umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

Icegera c’umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Australiya , Barnaby Joyce yatanze imihoho. Avuga ko avuye muri Reta no mu burongozi bw’umugambwe National Party.

Amakuru dukesha itorokanirizo ry’amakuru Reuters,Barnaby Joyce, afise imyaka 50 y’amavuko, akaba yari amaze imyaka 24 yubatse ,naho yahavuye yahukana n’umukenyezi wiwe, bafitaniye abana bane.

Amakuru atangwa n’iryo tororokanirizo, avuga ko, ku munsi wa mbere uza igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018,ariho azokurwa mu mugambwe yari ahuriyemwo n’umushikiranganji wa mbere Malcolm Turnbull.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere Barnaby Joyce ashikirije iyo ngingo, hari haheze igihe asabwa gutanga imihoho, kuko yakundanye n’umwe mu bakozi biwe, afise imyaka mirongo ibiri 20 y’amavuka.