Imodoka, inzu y’ubudandarizo hamwe n’umuryango w’inzu, nivyo vyononekaye bihitanywe na gerenade yatewe ku rugo rwa GAHUNGU Cyprien batazira Gahuguru, mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018, ku mutumba Ryagihana, komine Bugabira, intara ya Kirundo.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zine n’iminota 50 z’ijoro, mu rugo rw’uwo mugabo w’imyaka 71 y’amavuka.
Pierre NKURIKIYE yemeza ko ata muntu yahasize ubuzima canke ngo akomereke, nayo uwagirizwa gutera iyo gerenade MUBUMBE Justin yirukanywe mu gisirikare, akaba yahagaritswe kugira akorerwe dosiye.