Umuganga akorera mu bitaro bikuru vy’intara ya Karusi, yaraye mw’ibohero rikuru ry’intara ya Gitega ijoro ryiwe rya mbere. Muganga Jean Claude NIYONGERE yahagaritswe kuwa gatatu, igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018.
Amakuru ava muri iyo ntara ya Karusi, amenyesha ko, Muganga Jean Claude NIYONGERE yahagaritswe yagirizwa kuba ariko yigisha gutora OYA, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu.
Ayandi makuru, avuga ko Muganga Jean Claude NIYONGERE yagirizwa kuba yarakwiragije ku mbuga ngurukanabumenyi,ishusho y’umunyamabanga mukuru w‘umugambwe CNND-FDD yambaye inkofero iriko ivyandiko bihamagarira abarundi gutora oya mw’ibwirizwa nshingiro rihinyanyuwe rigiye gutorwa n’abarundi.
Muganga Jean Claude NIYONGERE yinjijwe ibohero rikuru ry’intara ya Gitega,nk’isaha icumi z’umugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018, ahejeje kwumvirizwa n’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Karusi.