Inyuma y’ihagarikwa ry’abacamanza babiri bo muri Sentare isubiramwo imanza y’i Gitega harimwo n’umukuru wayo, umushikirizamanza kizigenza wa Republika amenyesha ko bahagaritswe parike nkuru imaze gutohoza ko abo bacamanza bahawe igiturire.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018, Sylvestre NYANDWI , umushikirizamanza kizigenza wa Republika yavuze ko bahagaritswe hisunzwe uko bitegekanijwe n’igitabo c’amategeko agenga ingene imanza z’ivyaha zitohozwa,zikongera zikaburanishwa.
Umushikirizamanza kizigenza wa Republika arabeshuza ibihuha bivugwa ku mbuga ngurukanabumenyi,ko umukuru wa sentare isubiramwo imanza y’i Gitega yahagaritswe kubera yariko yigisha gutora oya mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Muri iryo tangazo Umushikirizamanza kizigenza wa Republika, Sylvestre NYANDWI, ariyamiriza kandi insiguro ifise imvo za poritike iriko ihabwa ihagarikwa ry’abo bacamanza ba sentere isubiramwo imanza y’i Gitega, no kubuza igikorwa c’ubutungane co kurwanya kudahana.
Sylvestre NYANDWI,Umushikirizamanza kizigenza wa Republika
Umushikirizamanza kizigenza wa Republika aheza agabisha abatanga canke abakira igiturire, ko amategeko azokurikizwa.
Umukuru wa sentare isubiramwo imanza ya Gitega hamwe n’umuwundi mucamanza umwe, bahagaritswe kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, baca bajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, i Bujumbura.