Umunyaporitike wo mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzaniya (Chadema), yiciwe mu rugo rwiwe mu ijoro ryo ku wa Kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018,atemeshejwe umuhoro.
Godfrey Luena yishwe yari yatorewe guserukira akarere ka Namwawala muri Morogoro, akaba ari umunyaporitike wa kabiri utavuga rumwe n’ubutegetsi yishwe, mu ndwi zibiri.
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe Chadema, John Mnyika, avuga ko Luena yasohotse mu nzu agiye kuraba ivy’umuyagankuba wari wacitse muhira iwe, aca atemwa n’abantu batamenyekana.
John Mnyika yemeza ko ubwo bwicanyi bushingiye ku mvo za poritike, agasaba ko hakorwa amatohoza yihuse, kugira hamenyekane icinyegeje inyuma yavyo.
Yavuze ati :“Bitumwe n’ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu, kunyuruzwa, no kwica abarongozi bacu, inzego za Reta zitegerezwa gufata ibi bintu mu buryo bukomeye. Hakenewe igikorwa cihuta c’igiporisi.”
Avuga ko Luena yari amaze igihe atumvikana n’inzego z’intwaro ku rwego rwo hasi hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi , ku ngingo yo kwaka abanyagihugu amatongo ku nguvu.
Urupfu rwa Luena ruremezwa n’Umuyobozi w’igiporisi muri ako gace, Ulrich Matei, yavuze ko icatumye urwao rupfu kitaramenyekana kandi ko n’abicanyi bakironderwa.
Umukuru w’umugambwe Chadema, Freeman Mbowe,yagiriza umugambwe uri ku butegetsi CCM, kuba uri inyuma y’ubwo bwicanyi kuko ushaka gufata kimwe kimwe ku nguvu, ariko umugambwe CCM uravyiyamiriza.