Ubutegetsi bw’igihugu ca Pologne bwagabishije igihugu c’Ubudagi, ko yoba abaye amakosa guhagarika amahera atangwa n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ku banywanyi b’iryo shirahamwe, ku bihugu vyanse kwakira abimukira.
Umushikiranganji w’imigenderanire ya Pologne n’amakungu, Konrad Szymanski, yabwiye ikinyamakuru co mu Budagi (die Welt), ko igihugu ciwe kitazokwigera cemera ibitigiri vy’abimukira vyatunganirijwe ibihugu, naho vyoba bishigikiwe n’abandi banyashirahamwe.
Konrad Szymanski, yavuze ayo majambo mu gihe hategekanijwe inama idasanzwe y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, izobera ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububirigi, i Bruxelles.
Umukuru wa Reta y’Ubudagi, Angela Merkel, yabwiye inama nshingamateka na nkenguzamateka ku munsi wa kane, ko amahera ava mw’ishirahamwe rya Buraya yotangwa, ari uko ibihugu vyemeye gusangira ikibazo c’abimukira, bikubahiriza ivy’ishirahamwe ryashizeko agaciro kanini.
Abategetsi 27 b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, barahuye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018, i Bruxelles mu Bubirigi, kugira bavugane ku mafaranga azokoreshwa mu myaka indwi iza, no ku ngaruka zitewe n’uko Ubwongereza bwavuye muri iryo shirahamwe.