đTUGIRE UMWETE WOKWIHANA ,MAZE DUSENGE NKA HABAKUKIđÂźïž
HABAKUKI 3:2_4_13_18_19,
1/UHORAHO,numvise inkuru zawe,nabonye igikorwa cawe,Ewe UHORAHO,hembura ico gikorwa cawe hagati mur’iyi myaka,Hagati mur’iyi myaka ukimenyekanishe,mu burake wame wibuka kugira akagongwe.
4/Gukayangana kwawe kwari nk’umuco,Ibishwarara vy’umuco vyava mu kuboko kwiwe,Aho ni ho yatwikirira ububasha bwiwe.
13/Wasidukanywe no kuzanira abantu bawe agakiza,no kuzanira agakiza uwo warobanuje amavuta.Wasabije agatwe k’inzu y’umunyakibi.
18/Na ho nyene jewe nzonezererwa UHORAHO,Mpimbarwe N’IMANA y’agakiza kanje.
19/UHORAHO,umwami,ni we nkomezi zanje,Ni we ahindura ibirenge vyanje nk’ivy’impongokazi,kand’azompa gutambagira ku dutwe tw’imisozi yanje,
YOWELI 2:19_UHORAHO yishura abantu biwe,at’Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya elayo,maze muzota akabi:kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahangađAMEN HIMBAZWA MWAMI YESUđ