Indongozi z’abakirisu zavuze ko zugaye isengero Holy Sepulchre mu kwiyamiriza amakori y’agahotoro ya Israeli hamwe na politike yayo yo kwishikiriza amatongo.
Mw’itangazo ryasohowe n’amadini atandukanye, iy’abagatolika, iry’aba Orthodoxe n’isengero ry’abanya Arménie, indongozi zayo zagiriza Israel gutera abakirisu ku butaka bweranda.
Bavuga ko bugaye isengero rya Holy Sepulchre – aho abakirisu benshi bemera ko Yezu Kristu yabambwe, agahambwa -gushika igihe bazosohora itangazo ribihagarikisha.
Bavuga ko politike nshasha ya Israeli ku vy’amakori, hamwe n’itegeko ryo kwishikiriza amatongo bifise intego yo gukumira no kuvangura.