Cibitoke : Abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade yatewe

Umutekano warahungabanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana muri zone Cibitoke, igisagara ca Bujumbura, ahatewe igisasu (Gerenade). Umuntu umwe niwe yafashwe ku mvo z’amatohoza.

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’ijoro, iterwa kw’ibarabara rya 15, aho benshi kita « Kurya Kanyoni » muri iyo zone ya Cibitoke, iruhande ya « Station KOBIL.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yemeza ko iyo Gerenade yakomerekeje abantu batatu baciye bajanwa kuvurirwa mu Kigobe, ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe (Médecins Sans Frontières).

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuntu umwe yikekwa ko ariwe yateye iyo Gerenade yafashwe n’igiporisi, nk’uko bishikirizwa na Petero NKURIKIYE.