Abasirikare babiri bishe barashe umuntu batawe muri yompi mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Abo basirikare bashikirijwe Sentare ya Gitega kugira baciribwe urubanza rw’ikibiriraho.
Abafashwe ni Adjudant NDABAHAGAMYE Janvier hamwe na Caporal Chef UWIMBABAZI Jonas. Abo basirikare bompi barashe umunyagihugu azwi kw’izina rya NGENZI Evariste, bakaba bamurashe amasasu 15 bakoresheje inkoho zibiri, aca yitaba Imana aho nyene.
Ubwo bugizi bwa nabi bwabaye mw’ijoro ryo kuri w’Imana rishira uwa mbere, nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro, mu bunywero buri aho benshi bita kw’i Jabe, muri zone Mutoyi, komine Bugendana, intara ya Gitega.
Abasirikare babiri bagirizwa ubwo bwicanyi
Mu giporisi bavuga ko icatumye abo basirikare barasa uwo muntu kitaramenyekana, bikaba bitegekanijwe ko baciribwa urubanza rw’ikibiriraho (Procès de fragrance).