Umugore n’umugabo bafashwe n’abanyagihugu bagirizwa kwiba ibitoki mu mirima, ku gacimbiri Mweya,umutumba Mugoboka, Zone Mungwa, komine n’intara ya Gitega, mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018.
Amakuru ava aho ku mutumba wa Mugoboka, amenyesha ko hari haheze igihe kur’uwo mutumba hibonekeza ubusuma bw’ibitoki, abanyagihugu baca bafata ingingo yo gusaka, mu mihana bikeka.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko bamaze gusaka basanze mu nzu y’umugore azwi kw’izina rya MPERABANYANKA Pascasie ibitoki vyinshi vyibwe mu mirima itandukanye yo ku mutumba wa Mweya.
Abanyagihugu bo kur’uwo mutumba bavuga ko, uwo mugore yakora ubwo busuma afadikanije n’umugabo wiwe azwi kw’izina rya Frederic , uwo nawe bakaba bafatanye igihe uwo mugore yari yomoye umugabo wiwe wa mbere, uwo nawe akaba yahavuye yitaba Imana.
Ferederiko, umugabo w’umugore yafatanywe ibitoki
Ayo makuru aremezwa n’umukuru w’umutumba Mugoboka Deo NSHIMIRIMANA aremeza yo makuru, akavuga ko kuri uwo mutumba hari haheze igihe hibonekeza ubusuma bw’ibitoki baca bafata ingingo yo gusaka, ari naho baca babifata.
Umukuru w’umutumba avuga ko, kuba babafashe ari igikorwa ciza, cakozwe n’abajejwe intwaro hamwe n’abanyagihugu, agahamagarira abanyagihugu kwama bakorana neza n’abajejwe intwaro mu gutuza ubusuma.