Gitega : Umuntu umwe yapfuye arashwe n’umusirikare

Umuntu umwe yitavye Imana mu bucagucagu bwo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018, ku mutumba Mutoyi, zone Mutoyi, komine Bugendana, intara ya Gitega, ahitwa kw’i Jabe, arashwe n’abasirikare babiri.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi, amenyesha ko uwo yitavye Imana azwi kw’izina rya NGENZI Evariste, akaba yarashwe n’abasirikare babiri NDABAHAGAMYE Janvier na UWIMBABAZI Jonas,bakorera ku kirindiro co ku Mutoyi, igihe c’isaha umunani z’ijoro, mu bunywero buri ahitwa kw’i Jabe.

Pierre NKURIKIYE, avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko, abo basirikare bamurashwe amasase 15 bakoresheje inkoho zibiri, bari basanzwe bakoresha mu kazi kabo ka minsi yose.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko igiporisi cashitse ahabereye ubwo bwicanyi, abo basirikare nabo bakaba bamaze gufatwa, naho icatumye barasa NGENZI Evariste kitaramenyekana.

Ikiziga c’umuhisi NGENZI Evariste kikaba kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyo ku Mutoyi, nayo abo basirikare bakaba bamaze kujanwa muri parike, kugira bacirirwe urubanza rw’ikibiriraho.