Paul Henri yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Uyo musore Paul Henri, umurundi aba mu gihugu ca Canada, yarasohoye video kurubiga rwiwe rwa Facebook aho yavugako ababazwa cane nuko yahenzwe n’amajambo mabi abantu bavuga k’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Yaramenyesheje yuko yakurikiranye neza , aritohoreza maze asanga ivyo bamuvugako vyose ni ibinyoma aca atako yipfuza yuko yozomubona maze akamwisabira imbabazi imbona nkubone kuko yamwankiye ubusa.

Uwo mubonano rero yawuronse maze baribonanira amaso muyandi.