Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufili yahamagariye abagabo bo muri ico gihugu kwubakana n’abagore babiri canke barenga, mu ntumbero yo kugabanya ubusambanyi.
Ari mu gisagara ca Dar-Es-Salaam,John Magufili yavuze ko abigeme ari benshi muri ico gihugu kurusha abagabo, ari naco gituma abigeme batubatse bakora ubusambanyi cane n’abagabo bubatse.
Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufili yavuze ati :« Si itegeko ndabahaye, ariko kubabishoboye ndabateye intege zo kwabira abakenyezi babiri canke barenga mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’abigeme batubatse . »
John Pombi Magufuli yavuze ko abigeme bo mu gihugu ca Tanzaniya bafise amarira adahera bivanye n’imibereho yabo yo kubura abagabo bubakana, bakabafasha no mu buryo bwo kubaho.
Ibiharuro vyerekana ko,igihugu ca Tanzaniya gifise abanyagihugu imiriyoni 70, muri abo, imiriyoni 40 n’abakenyezi, mu gihe imiriyoni 30 ari abagabo.