Amashirahamwe akora ubugiraneza y’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ngo ashavujwe n’inkuru ya BBC ivuga ko abakorana n’ayo mashirahamwe muri Syria bashurashuje abagore babahendesha imfashanyo.
Andrei Mahecic wo mw’ishami rya ONU rijejwe impunzi yavuze ko ivyo vyagiriji bidafashe, birimwo amakuru adakwiye kandi adatohojwe.
Yavuze ko iciyumviro c’uko ONU yogenzura ibibera mu karere k’intambara vyose ari ukworosha ibintu cane.
Ariko yavuze ko igihe ivyo vyagiriji vyaseruka ubwa mbere mu 2015, ONU yagize ico ikora.
UNICEF, ishirahamwe rya ONU ryita ku bana, naryo ryavuze ko ryongereje utwigoro mu gukingira abagore bashobora kubangamirwa.
Nayo ishirahamwe mpuzamakungu Croix Rouge ryo ryavuze ko ritihanganira uburyo ubwo ari bwo bwose buhohotera abagore.