Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano yakoranye mu gisagara ca New York, mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika. Muri iyo nama, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Michel KAFANDO yashikirije icegeranyo ku bikorwa yashinzwe mu Burundi.
Muri iyo nama yatanguye kuri uwu wa mbere, ibihugu 15 bigize iyo nama y’umutekano ya ONU biriga icegerenyo cashikirijwe na Antonio Guterres Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ico cegeranyo kikaba kirimwo n’amakenga ya ONU kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro mu Burundi.
Mw’ijambo yafashe mu nama igira iya 37 ya ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu, inama yabaye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018, i Genève mu gihugu ca Suisse, Zeid Ra’ad Al Hussein, intumwa idasanzwe ya ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu yagereranije n’amacuniro y’abantu (abattoirs d’êtres humains) ibihugu vy’Uburundi, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Yémen hamwe na Siriya.