Umutumiro wo gusengera uburundi n’abarundi n’ibihugu bibanyi.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABISEZERANO WO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI YO KUWA 28/02 na 03/03/2018

================================

Turabaramukije amahoro y’Imana tuti: Shalom!

Nkuko Uhoraho Imana ya dutegetse, ku misi ya gatatu niya gatandatu twama dufise amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi.

INTUMBERO:

“Imana irakunda uburundi n’abarundi, mugabo abarundi bonyene nibo bononye igihugu cabo bafadikanike n’abanyamahanga mukugira ubwicanyi n’akarenganyo gafatiye ku bwoko, intara n’imiryango vyazanye umuvumo mu gihugu. Imana iraje gusomora Uburundi”

URUFATIRO

“Garuke ku Mana kugira igutabare. »

Yoweli:2 :12-17

Hoseya 6 :1-7

Indirimbo 36;37;45; 91;158

IVYOMPWEMU AHISHURA

Imana yiteguriye kugirira neza abayubaha ariko mw’iyi misi abantu ntibariko barihana. Birasabwa yuko abantu bagaruka kumana kuko benshi kubera invo izi canke ziriya bataye Imana. Barataye ukwizera, abandi basubiranyemwo mbere n’abatari bake barivanze mubigabitanyo.

IVYOGUSENGERA

Abarongozi bihanga; abavugishwa n’abadiyakoni b’ihanga ; abarundi n’abarundikazi bapfunzwe; abagwayi; impunzi, impfuvyi n’abapfakazi, abugarijwe n’ubukene n’iyindi mitwaro yaho muherereye.

Mukurangiza, tubaye turabashimira kukigoro muzogira mukuyitaba no kuyararikira abandi. Mwibuke yuko ari ugusengera aho uri hose: muhira, kurugendo, ku kazi, mu cumba c’amasengesho, mu bitaro, mu buhungiro, mw’ibohero n’ahandi hose ugeze.

Ni dusangwe IMANA UBURUNDI N’ISEZERANO, Amina.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 27/03/2018.

Http:/www.abisezerano.com

Une réflexion sur “Umutumiro wo gusengera uburundi n’abarundi n’ibihugu bibanyi.

Les commentaires sont fermés.