« Zeid Ra’ad Al Hussein ntazi aho Uburundi bugeze » – Gaston SINDIMWO

Reta y’Uburundi imenyesha ko ivyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein, intumwa idasanzwe ya ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu vyerekana ko iyo ntumwa itazi aho Uburundi bugeze mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe n’ugukomeza umutekano. Aho ni mu gihe kuri uwu wa mbere, mu nama igira iya 37 ya ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu, inama yabereye i Genève mu gihugu ca Suisse, Zeid Ra’ad Al Hussein yagereranije Uburundi n’amacuniro y’abantu (abattoirs d’êtres humains).

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yamenyesheje ko ritabaye irya mbere uwo Zeid Ra’ad Al Hussein ashikirije amajambo aca ivutu Abarundi, akamwagiriza ko akoreshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu migambi itari iy’ineza y’Abarundi.

« Kuva mu 2012 avuga ihonyabwoko mu Burundi, avuga ko Abarundi bariko baramarana. Uwo ari muri ba bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bafise umugambi ku Burundi utajanye n’ineza y’Abarundi. Zeid Ra’ad Al Hussein ariko arasigwa, ntazi aho Uburundi bugeze. »

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko kubona Zeid Ra’ad Al Hussein yavuze ko Uburundi ari amacuniro y’abantu ari urukurikirane rw’amajambo aturira, agamije gutera ubwoba abandi.

« Amajambo nk’ayo akoreshwa kugira atere ubwoba abandi. Ibihe tuvuyemwo bizoha icigwa Abarundi hamwe n’abanyamahanga, n’amashirahamwe mpuzamakungu, kuko ivyo bari biteze ku Burundi sivyo babonye. Zeid Ra’ad Al Hussein ntazi aho Uburundi bugeze mu bijanye n’amahoro n’umutekano. Uwukunda umwana gusumba nyina aba ashaka kumurya. Si Zeid Ra’ad Al Hussein yokunda Abarundi gusumba Abarundi ubwabo. »

Gaston SINDIMWO yemeza ko Uburundi burangwa n’amahoro n’umutekano, kandi ko uwukoze icaha agihanirwa ku gatwe kiwe.