Umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko abantu 49 bitavye Imana, inzu 2933 zirononekara, inzu 1225 n’ibirase 200 zirasambuka, n’amahagitare 14163 y’imirima arononekara, kuva ku ntango y’irima ry’umwaka wa 2018.
Mw’ijambo CP NAKAVURA Serges, umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano yashikirije mu gihe hasigaye umunsi umwe ngo hahimbazwe umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye, yavuze ko impanuka zashitse zavuye k’umyuzurira, imiyaga y’ibihuhusi, ibomagurika ry’imisozi n’indwara z’ivyaduka.
CP NAKAVURA Serges yavuze kandi ko Reta y’Uburundi yagize utwigoro tuboneka mu gushigikira no guteza imbere uburimyi, mu bijanye n’amagara y’abantu , mu kwakira impunzi, gufasha gusubiza mu zabo abarundi bahungutse.
Umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano, yamenyesheje ko bashimira bivuye ku mutima abagira neza bose baguma bafata mu mugongo urwo rwego rujejwe gukinga impanuka, no gutaba abo vyashikiye kugira barangure neza ibikorwa bajejwe.
CP NAKAVURA Serges yavuze ko Reta y’Uburundi ataco itazokora kugira intumbero y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gukinga impanuka z’ibiza iranguke mu Burundi.

Imodoka z’igiporisi zifasha gukinga impanuka z’umuriro
Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye, uhimbazwa uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante. Uno mwaka uzohimbazwa ku civugo :’’Urwego rushinzwe gukinga no gutabara abashikiwe n’ibiza ruri hamwe n’izindi nzego z’igihugu mu gutunganya neza ibikorwa vyo kurwanya ibiza.’’