Korea ya Ruguru yoba ifasha Syria gukora ibigwanisho vy’ubumara

Korea ya Ruguru imaze igihe irungikira ibikoresho igihugu ca Syria, bishobora kuba bigifasha gukora ibigwanisho vy’ubumara, niko icegeranyo ca Onu kivuga.

Ingendo 40 ry’irungika ry’ivyo bikorsho zabaye hagati y’i 2012 n’i 2017, nkuko icegeranyo kivuga.

Ivyo bikoresho birimwo amakaro n’imiringoti birinda ubumara bwa « acide ».

Ico cegeranyo – kitarasohogwa – kivuga ko abahinga ba Korea ya Ruguru ku vya « missile » babonywe mu mahinguriro y’ibigwanisho ya Syria.

Ivyo bishikirijwe mu gihe hari amakuru mashasha avuga ko ubumara bwa « chlorine » bwoba bwarakoreshejwe n’inteko za gisirikare za Syria, ariko leta ikaba ibihakana.

Hategekanijwe agahengwe kagira kabiri mu buseruko bwa Ghouta, kotuma irungika ry’imfashanyo ku banyagihugu.

Imfashanyo ntizashoboye kurungikwa ku munsi wa kabiri, bitewe nuko ingwano yabandanije.

Abaharanira agateka bidogera leta yabandanije ibitero vyo hasi n’ivyo mu kirere, mu gihe Uburusiya bwo buvuga ko inyeshamba zateye ibibombe mu muhora wari wateguriwe abanyagihugu bashaka guhunga.

Nkuko amakuru akiri mw’ibanga yashikiriye BBC avuga, Korea ya Ruguru yarungikiye Syria ibikoresho bibujijwe bigizwe n’amakaro arinda ubushuhe na « acide », imiringoti itononekara hamwe n’ibipimo vy’ubushuhe.

Ayo makaro ngo nayo kwubaka inyubakwa z’aho ibigwanisho vy’ubumara bikoregwa.

Ikigo kijejwe ubuhinga n’ubushakashatsi muri Syria, ngo coba carishe Korea ya Ruguru kibicishije ku mashirahamwe.

Muri izo ngendo zo gutwara ibikoresho, ishirahamwe ry’ubudandaji ry’Ubushinwa, Cheng Tong Trading Co Ltd ngo ryoba ryafashije muri zitanu, nkuko ico cegeranyo kivuga.

Korea ya Ruguru irahonyanga ibihano?

Ubushinwa bwisigura ko « ata vyemezo vyerekana ko Cheng Tong Trading Co ikorana ubudandaji na  » Korea ya Ruguru yirengagiza ibihano vyashinzwe n’akanama ka Onu kajejwe umutekano.

Leta ya Syria nayo yabwiye umugwi wa Onu ko abanya Korea ya Ruguru bari muri Syria ari abamenyereza hamwe n’abanonotsi gusa.