Umurwi w’igihugu ujejwe gukinga ihonyabwoko mu Burundi umenyesha ko utashimishijwe n’amajambo yashikirijwe kuri uwu wa mbere na Michel KAFANDO, imbere y’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano, igihe yariko ashikiriza icegeranyo.
Imbere y’abagize inama y’umukano ya ONU, Michel KAFANDO yashikirije amakenga ya ONU ku gikorwa c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro kizoba mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka, hamwe n’ubwigenge bwa poritike butubahirizwa kuri bose.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Jean de Dieu MUTABAZI, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gukinga ihonyabwoko yagize ati :
« Kuri uwu wa mbere, intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru wa ONU Michel KAFANDO yemeje ko amahoro n’umutekano birangwa mu Burundi, ariko arongera ashikiriza amakenga kuri aya matora yimirije y’ibwirizwa shingiro rihinyanyuye. »

Jean de Dieu MUTABAZI, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gukinga ihonyabwako
Kuri ico gikorwa c’amatora y’uguhindura ibwirizwa shingiro, Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko isaba amashirahamwe mpuzamakungu ko yorungika abarorerezi kuraba ingene amatora y’ibwirizwa shingiro azogenda.
Mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yatanguye kuri uwu wa mbere i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Michel KAFANDO yamenyesheje mu cegeranyo ca ONU, ko icuka ca poritike kitifashe neza mu Burundi, kuko hari abanyeporitike batagira ubwigenge bw’ugukora poritike. Ico cegeranyo kikavuga ko uguhinyanyura ibwirizwa shingiro bishobora gukwega indyane mu Burundi.
Muri ico cegeranyo, Michel KAFANDO yamenyesheje ko umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, ariwo wonyene, hamwe n’imigambwe icuditse nawo, wemererwa gukora ibikorwa vya poritike. Muri ico gihe, iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi ivuga ko amatora ahurijweko na bose adaheza ngo ashoboke.
Michel KAFANDO akaba yabwiye abategetsi b’Uburundi ko botahura ko ONU irajwe ishinga n’ugutorera umuti ibibazo bihanze Uburundi, bishobora gukwenga indyane muri kazoza, akibutsa ko amahoro n’umutekano vyaranzwe mu Burundi inyuma y’intambara, ari kubera amasezerano y’i Arusha yahurijweko n’abegwa n’ibibazo vya poritike mu Burundi.