Dusangire ijambo ry’Imana

Ndabaramukije amahoro ncuti bakundwa.

ABANYEFESO 3:20

NUKW’ ISHOBORA GUKORA IBIRENGEYE CANE IVYO DUSABA N’ IVYO TWIYUMVIRA VYOSE, NK’ UK’ UBUSHOBOZI BWAYO BUDUKORERAMWO BURI.

Iciyumviro nagomba ko dusangira ni n’ ikibazo duca twibaza : MBEGA KO BIVURWA KO UBUSHOBOZI BWAYO BUDUKORERAMWO, JEWE BURANKORERAMWO?

Ikimenyamenya ca mbere kibikwereka ko bugukoreramwo , n’ ingene ubwo bushobozi bwaguhinduye wibutse ingene wari umeze kera ugaca uraba n’ uko uri uyu musi.

Ikindi, n’ ukuraba ingene UBURONGOZI bwa Mpwemu Yera buri muri wewe.

Ni n’ ukuraba ingene UCUDITSE n’ Imana. Ivyo bijana no kuyumvira arikwo kuyigamburukira. Ariko kandi ntiwoyumvira utumvise ijwi ryayo ngo umenye ivyo igomba ko uyigamburukiramwo ivyarivyo.

UBUSHOBOZI BWAYO BUBAKOREREMWO!!!