Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho igwirirana ry’abantu kw’isi FNUAP, ryagenye uwuriserukira mushasha mu Burundi. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gufashanya kw’Uburundi n’ayandi makuru, akaba ariwe yakiriye ikete rimugena muri ayo mabanga.
Nk’uko biri mw’itangazo ry’ibiro vya FNUAP mu Burundi, Richmond TIEMOKO umuserukizi mushasha wa FNUAP mu Burundi yashitse i Bujumbura ku munsi w’Imana igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018, yaciye atanga icete kimugena mu mabanga yo guserukira FNUAP mu Burundi, mu bushikiranganji bw’imigenderanirire y’uburundi n’amakungu kuwa 28 Ruhuhuma 2018.
Iryo tangazo, rimenyesha ko bivuye ku gufatirwa kw’umushikiranganj w’imigenderanire y’uburundi n’amakungu, Richmond TIEMOKO yakiriwe n’umunyamabanga ntayegayezwa wo muri ubwo bushikiranganji, bari kumwe n’umuyobozi w’igisata c’ukwunga ubumwe mu mashirahamwe mpuzamakungu.
Iryo tangazo, risaba ko ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu,ko bwoshira ku rwandiko rugena Richmond TIEMOKO , urundi rwandiko mperekeza rwerekana ko yakiriwe mu Burundi.