Ikigo OBR kiragabisha ku busuma bumaze iminsi bukorwa, aho hari abantu bakoresha umuhora wa Facebook, bakiyitirira umuyobozi w’inama mpanuzwajambo ya OBR, mu kwandikira abantu babasaba amafaranga kugira babahe akazi mu kigo OBR.
Mw’itangazo OBR yasohoye kuri uwu wa kane igenekerezo rya mbere Ntwarante 2018, ryateweko umukono na Audace NIYONZIMA, umuyobozi mukuru wa OBR, bibutsa ko uwo muhora wa Facebook wa Olivier SUGURU, umuyobozi w’inama mpanuzwajambo ya OBR atariwo, kandi ko uwo muyobozi adakoresha umuhora wa Facebook.
OBR yibutsa kandi ko mu gutanga akazi muri ico kigo, ata mafaranga asabwa. Mu kigo kijejwe kwegeranya amakori ya Reta bamenyesha ko amatangazo y’ugutanga akazi muri ico kigo acishwa ku bimenyeshamakuru vyemewe n’amategeko, hamwe no ku rubuga ngurukanabumenyi rwa OBR arirwo www.obr.bi
OBR isaba uwobona uwuriko asaba amafaranga abanyagihugu abemerera akazi muri ico kigo, ko yohamagara ku murongo utariha ariwo 500, canke akitura ahakorera OBR hamwegereye.
