Sentare ya Gitega yaciye urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa NGEZI Evariste

Abasirikare babiri bo mu ntara ya Gitega bagirizwa ko aribo bagandaguye NGEZI Evariste baciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose, hamwe n’ugutanga indishi y’imiriyoni 10 z’amarundi, amafaranga azohabwa umuryango w’uwishwe arashwe.

Muri urwo rubanza rwasomwe kuri uwu wa gatatu na Sentare nkuru ya Gitega, n’umupfasoni nyene akabare kiciweko uwo mugabo yaciriwe umunyororo w’imyaka 20 n’indishi y’imiriyoni zitanu. Yagirijwe ko yagize uruhara mw’iyicwa ry’uwo mugabo yarashwe amasasu 15.

Abasirikare baciriwe urubanza ni Adjudant NDABAHAGAMYE Janvier hamwe na Caporal Chef UWIMBABAZI Jonas, bompi bagirizwa ko barashe umunyagihugu azwi kw’izina rya NGENZI Evariste, bakaba bamurashe amasasu 15 bakoresheje inkoho zibiri, aca yitaba Imana aho nyene. Aho hari mw’ijoro ryo kuwa 26 Ruhuhuma 2018.

Abaciriwe urubanza (bambaye umwambaro w’abapfungwa), bari kumwe n’ababafasha kuburana

Uwo mupfasoni nawe yaciriwe urubanza ni NCAHONANKWA Sabine, nyene akabare kari ku mutumba Mutoyi, zone Mutoyi, komine Bugendana, intara ya Gitega, aharasiwe uwo mugabo asanzwe ari umunyamabanga w’umugambwe CNDD FDD muri zone Mutoyi.

Abo basirikare babiri bagirijwe ico caha baragihakana, bakaba bamenyesheje ko barashe basubiza urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD rwari rutanguye kubarasa. Abo basirikare babwiye abacamanza ko bafise uburenganzira bw’ukwunguruza.

N’umupfasoni NCAHINANKWA Sabine yarahakanye ico caha yagirizwa ko yagize uruhara mw’iyicwa rya NGEZI Evariste.

Abafasha kuburana abagirijwe ico caha bamenyesheje ko bagiye kwunguruza urubanza.

Abari baje gukurikirana urwo rubanza