Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yavuze ko afise intego yo kugabanya ku gice ubukene buri mu gihugu ku kiringo c’imyaka itandatu, mw’ijambo yashikirije igihugu.
Iryo jambo ni irya nyuma imbere y’amatora yiteze gutsinda azoba mu minsi 17.
Bwana Putin yashikiriza imigambi yiwe mikuru mikuru y’ikiringo kigiye kuba ica kane.
« Umuntu uwariwe wese ni ngirakamaro kuri twebwe, » niko yavuze, yongera avuga ko yipfuza kwongera akazi n’uburambe ku banyagihugu.
Bwana Putin ahanganye n’abantu indwi mu matora yo kw’itariki 18 Ukwezi kwa gatatu, naho ata numwe muribo yitezwe gukwega abamushigikira benshi.
Umukuru w’igihugu nta kintu gihambaye yavuze ashikiriza imigambi yiwe, ari kumwe n’abandi bakandida ku munsi wa gatatu.
Uwabuze muri ivyo biganiro vyo kuri televiziyo n’uwo batavuga rumwe Alexei Navalny, yabujijwe kwitoza, munyuma asaba abayoboke biwe kutitaba amatora.
Prezida Putin ntiyiyamamaje cane, gushika ubu akaba ashikiriza bike ku bijanye n’imigambi yiwe mu myaka itandatu iri imbere.
Kugwanya ubukene
Mw’ijambo yashikirije abashingamateka n’abakenguzamateka ku munsi wa kane, yavuze ko yipfuza ko Uburusiya bufasha abanyagihugu kuramba nka kurya kwo mu Bufaransa no mu Buyapani.
Mu 2000 hari imiliyoni 42 z’abanyagihugu bakenye, muri kino gihe hari imiliyoni 20, kino gitigiri gitegerezwa kuja hasi, niko yavuze.
Yavuze ko Uburusiya butoraba inguvu bufise ngo burarame.
« Ntibikwiye ko tworarama ngo nuko turi mu mutekano mu gihe tuzi ko hari ingorane nyinshi tutaratorera umuti, » niko yavuze.
« Uburusiya buri mu bihugu bitunze kandi bikomeye mu vya gisirikare. Dufise ariko igikorwa co kugerageza ngo abanyagihugu bacu bagire ubuzima bwiza, kuko ntituragera ku rugero dukeneye. Dukeneye kubikora kandi tuzobikora, » niko yabandanije avuga.