Ubutumwa buvuye k’umusozi w’amasengesho: Mutegure imitima n’imibiri yanyu kandi mushire amanga mukugororoka.

Ubutumwa buvuye ku musozi w’amasengesho: 2 Samweli 22:1-51. Bakundwa b’Umwami wacu Yesu Kristo namwe mwese mwubaha Uhoraho Imana ya Aburahamu, Imana ya Yakobo, Imana ya Isaka, Imana ya Dawidi, twagomba tubashikirize ubutumwa buvuye k’umusozi w’amasengesho. Imana irirahiye uguhoraho kwayo yuko igiye gushitsa ivyo yasezeranye vyose.

Ngo abarira ni muhumure, abasenga mutangure gushima ibikogwa vyiza Uhoraho agira abakore. Abatitunganije ni mwitungangaye kandi mushikirize iri jambo ry’ihumure abari hafi n’abari kure. Impunzi, impfungwa n’impahazwa ni mushire umutima munda, ugutabagwa kurabonetse.

Imana Nyeningoma iraje kwiyerekana ku bafise umubiri bose. Mutunganye imitima n’imibiri yanyu, mwiyambure ukudakebwa kwo mu mitima, urwanko n’ubucokoranyi. Mushire ivyizigiro vyanyu ku Mana Uhoraho. Mushire amanga mumenyeshe abarundi n’abanyamahanga Isezerano ry’intahava Imana yasezeraniye ihanga ry’Abarundi.

Umwe wese muri mwebwe yisuzume kandi asuzume nabo murugo rwiwe, maze muhe Imana ikibanza ca mbere. Mushire ukugororoka no gutungana imbere ya vyose; mwiteho ab’ababaye kandi muramire abakozi b’Imana Nzima aho mubasanze bose gutyo muzoronka imigisha kandi murambire mu gihugu Imana yabateguriye.