Ruyigi : Abanyororo 181 barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

Abanyororo 181 bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ruyigi,ni bo barekuwe burundu , 125 nabo barekurwa ivy’agateganyo, kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 1 Ntwarante 2018.

Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rwa Reta y’Uburundi, amenyesha ko muri abo banyororo barekuwe burundu, harimwo abagabo 174 hamwe n’abakenyezi 7.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko , muri abo banyororo barekuwe, bose imanza zabo zari zaraciwe, kandi ko batari barunguruje imanza z’abo mu zindi sentare.

Imbere y’ikingongwe c’umukuru w’igihugu, ibohero rikuru rya Ruyigi, ryahora ririmwo abanyororo baciriwe imanza 416, bagizwe n’abagabo 398 hamwe n’abagore 28.

Umukuru w’igihugu yatangaje ikigongwe ku banyororo, mw’ijambo yashikirije abarundi, mu ntumbero yo guhimbaza umwaka mushasha wa 2018 ; inyuma y’ico kigongwe bitegekanijwe ko abanyororo barenga 2000 bazorekurwa.