Bagenzi, muze twihane duhindukirire Imana.

Amahoro y’Imana abane namwe.

« N’UKO MWIHANE MUHINDUKIRE IVYAHA VYANYU BIHANAGURWE, IBIHE VYO GUHEMBUKA BIBONE INGENE BIZA BIVUYE MU NYONGA Z’UMWAMI IMANA. » (Ivyakozwe n’Intumw 3:19).

Mukundwa, zirikina ayo majambo ni rwawe. Birashoboka ko wihanye kera ariko Uhoraho yagusuzumye asanze ukiri mu vyaha wari waramubwiye ko wahevye, birashoboka ko ubwira abandi ko wihanye ariko Uhoraho arakubajije: « ihinduka ryawe riri he? » Igihambaye rero muri ubu butumwa bwawe mugenzi nuko werekana ingene wahindutse, mu vyiyumviro, mu majambo, mu bikorwa vyose. Impamvu ukebuwe ku bw’ubu butumwa hari ikintu Uhoraho agomba gukora mu buzima bwawe. Ashaka ibihe vyoguhembuka bigushikeko bivuye mu nyonga ziwe. Guhembuka bibaho iyo hari ivyapfuye, ivyakabiranye canke vyaravye cank vyamaze kwuma. None usuzumye mu buzima bwawe, harabuze ivyapfuye? Ivyakabiranye?ivyumye?cank ivyamaze kuraba? None se urindiriy iki? Aho ntiwokwihana uce uhindukira, uhinduke rwose ube mushasha Kristo akweze mu maraso yiwe hama Mpwemu Yera aze guhembura ubuzima bwawe n’ivyawe? Aha rero ntakubeshanya mugenzi, kugira uhembuke n’ivyawe nuko icitonderwa ucubahiriza. Niwihane hama uhindukire. Ivyo utavyujuje ivyapfuye canke ivyamaze kwuma ntibihaye birahinduka, naho woba wicaye mw’isengero udasiba gusenga gutanga amashikanwa no kuririmba; ibi bihe vyo guhembuka birarengana ataco ukorewe shiti niwumvira uko ijambo rikubwiye. Kristo ati muzomenya ukuri, ukuri nakwo kuzobagira abidegemvya. Arongera ati uwufise amatwi yukumva niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.

Mfasha nawe ivugabutumwa urungikire abandi kugira bafashwe uzoba ukoze. Muhezagiwe