Buyenzi : Umuntu umwe yahitanwe n’umuyagankuba w’intsinga yariko ariba

Umuntu umwe yitavye Imana ahitanwe n’umuyagankuba, aho akaba ari mu gihe yariko yiba intsinga z’amatara z’ishirahamwe REGIDESO muri zone ya Buyenzi, igisagara ca Bujumbura. Uwundi umwe nawe nyene bari kumwe muri ubwo busuma arasinzikaye.

Ikiziga c’uwo yahitanwe n’umuyagankuba cabonetse mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, kiri mu mufurege utwara amazi.

Abanyagihugu b’aho muri zone Buyenzi, hafi y’isoko ya Ruvumera barashoboye kumenya uwo yitavye Imana. Ni uwo batazira Dombolo.

Mw’ishirahamwe REGIDESO bibutsa abiba intsinga za REGIDESO ko ari ukwikwegera urupfu, kuko umuyagankuba wica nabi.

Jéroboam Nzikobanyanka, umuyobozi mukuru wa REGIDESO asaba abanyagihugu gufashanya n’abajejwe intwaro, mu gucunga izo ntsinga z’umuyagankuba wa REGIDESO.