Kenya : Umushingamateka yarokotse mu mpanuka y’imodoka

Abantu batatu nibo bahitanywe n’isanganya ry’imodoka ryabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Ntwarante 2018, i Naivasha, ku birometero ijana uvuye ku murwa mukuru wa Kenya Nairobi.

Amakuru dukesha urubuga ngururukanabumenyi rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umushingamateka wo mu ntara ya Laikipia yarokotse, naho uwariko atwara imodoka yiwe wewe yahasize ubuzima.

Ayo makuru, amenyesha ko abandi bantu batandatu nabo bakomeretse muri iyo mpanuka yabereye ahitwa Marula.

Iyo mpanuka ibaye haheze iminsi igiporisi ca Kenya gisavye abagendesha imodoka kugenda bagavye na cane cane muri kino gihe c’imvura, bitewe nuko abagendesha imiduga bataba bakibona kure.