Léonidas Nakumuryango, Musitanyeri wa komine Nyabikere, intara ya Karusi apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Imbere y’ukumanukanwa gupfungirwa i Bujumbura, uwo arongoye komine Nyabikere yabanje gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, aho yashitse ku munsi wa gatatu w’indwi iheze.
Ayo makuru y’ipfungwa rya Léonidas Nakumuryango mw’ibohero rikuru rya Mpimba aremezwa na Agnès BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa, amenyesha ko yagirizwa ibiturire.
Amakuru dufise avuga ko Léonidas Nakumuryango yagirizwa imifuko y’isima yanyuruje, iyo nayo ikaba yari yagenewe kwubaka ikibuga c’umupira c’intara ya Karusi. Agnès BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa ntahakana ayo makuru, ariko akamenyesha ko ubu igipfunze Léonidas Nakumuryango, Musitanyeri wa komine Nyabikere ari amatohoza ku biturire yagirizwa.
Léonidas Nakumuryango ni umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.