Amasengesho yo gusengera abarundi n’abarundi.

Umutumiro w’amasengesho y’Ihanga ry’Imana ry’abisezerano yo kuwa 07/03 na 10/03/2018

Shalom! Nkuko uhoraho Imana yabidutegetse yuko ku misi ya gatatu na gatandatu twama dufise amasengesho yo gusengera u Burundi n’abarundi. Turabatumiriye ayo masengesho.

« Abarundi ntibazokwama bari mu marira, amaganya n’amagorwa. Muburundi ntihazokwama harangwa ubukene, intwaro zigikenye, kwangaza , kwica, akarenganyo no guturubika abantu maze impunzi zigakwira isi yose n’abanyororo bakuzura amabohero. Imana Uhoraho agiye kuroranya ibintu »

URUFATIRO

« Kura oco kibuye Yesu azure ivyawe »

Yohana 11:39-44,Tito 3:5

Indirimbo: 259 ;37;49; 172;248.

IVYO MPWEMU AHISHURA

Imana irahishura ko haribintu igomba kuzura ; gukiza; ariko hari ikibuye dutegekwa gukuraho naco kikaba ari Ivyaha ; kudaharira ;inzigo, ubusambanyi; ubwicanyi ; ….;

Ivyo bituma Imana itazura ivyacu.

IVYOGUSENGERA

-Gusengera Ihanga; abakozi bayo ;aba diyakoni; abagwayi ;ababoshwe; impunzi; -Gusengera amasezerano kuburundi no kubwa muntu ku giti ciwe.

Tubaye turabashimira kukigoro muzogira mukitaba ayo amasengesho no kuyararikira abandi.

Ni dusangwe IMANA UBURUNDI N’ISEZERANO

Bigiriwe I Bujumbura igenekerezo rya 06/03/2018.

http//:www.abisezerano.com