Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagenye Dr Steve DeCliff kugira aserukire Reta y’Uburundi,mu rwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe Rainbow Mining SM ririko ricukura ubutare bwo mu bwoko bwa (Terres rares), mu ntara ya Bujumbura Rural.
Dr Steve De Cliff yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018, rikaba risaba umushikiranganji w’ubutare n’agataka, amasoko ntanga nguvu gushira mu ngiro iyo ngingo.
Ishirahamwe Rainbow Mining SM ririko ryimba ubutare bwo mu bwoko bwa ‘’Terres rares’’ I Gakara, muri komine Mutambu, intara ya Bujumbura Rural.
Ibikorwa vyo gucukura ubwo butare vyatanguriye ku musozi wa Gasarwe muri komine ya Mutambu, bikazomara imyaka ibiri imbere yuko bitandukira iyindi misozi y’iyo komine.